Ivyizigiro mu bihe bigoye

Kumbure washikiwe n’icago giturumbuka, ukaba utabona ingene uhagarara ushikamye kugirango ubandanye urugendo. Canke woba ufise ingwara isa n’iyananiye abaganga. Birashoboka kandi, ko woba uriko uca mu bukene bw’amafaranga buteye ubwoba ukaba utabona ingene uzoriha ivyo utegerezwa kuriha mu mpera z’ukwezi.

Iyo turiko duca mu bihe bigoye cane, igeragezwa ryambere rituzako ni iryo guheba tugata tukomoka. Ariko ikintu gihambaye dushobora gukora, ni ugushira ivyizigiro vyacu mu Mana maze
tukiberaho twuzuye ivyizigiro. Ariko iyo mvuga ivyizigiro … mu vy’ukuri ni ukuvuga iki?

Ivyizigiro ni umutima witeze ko hari ikintu ciza kigira gishike. Ivyizigiro biregeranye cane n’ukwizera kwacu hamwe n’ivyo twizera. Iyo bidukundiye kwizigira, dusanga ubuzima bwacu bwuzuye umunezero n’amahoro.

Umwansi wacu yama areretse ngo atunyage ivyizigiro. Yama ashaka kutwumvisha yuko “ataco dusigaranye” kandi yuko “atakizovamwo”. Ariko Imana ishaka yuko twuzura ivyizigiro kandi tukama tuyitezeko ibintu bihambaye. Bibiliya itubwira yuko “ari Imana yo kwizigirwa”, yuzuye ikigongwe kandi iducira izindi nzira (Abaroma 15:13).

Babwire Ko Ndabakunda

Imana irashaka umuryango kandi irashaka kutubera Data. Twaremwe kugira ngo tugiriranire imigenderanire na yo, maze gurtyo tuyibere abahungu n’abakobwa, kugira ngo tubeho ubugingo busagutse, ari bwo bwatumye Kristo apfa kugira ngo tuburonke
Facebook icon Twitter icon Instagram icon Pinterest icon Google+ icon YouTube icon LinkedIn icon Contact icon