IMANA IRAGUKUNDA!
“Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’umwizera wese ntaz’apfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira.” – YOHANA 3:16
Imana irashaka umuryango kandi irashaka kutubera Data. Twaremwe kugira ngo tugiriranire imigenderanire na yo, maze gurtyo tuyibere abahungu n’abakobwa, kugira ngo tubeho ubugingo busagutse, ari bwo bwatumye Kristo apfa kugira ngo tuburonke. Ibi rero bisigura ko Imana ishaka ko twobaho kubwayo, tukayisunga, tukayikunda, maze kandi tukayireka na yo ikadukunda. Imana irashaka ko tuyizigira kandi iyo dufise ibitugoye yipfuza ko tuyegera. Imana irifuza kugiriranira imigenderanire myiza n’umwe umwe wese muri twebwe ku giti ciwe.
Abenshi muri twebwe twiyumvira kuri Yohana 3:16 mu buryo bw’ikivunga. Tukavuga tuti: “Oh, ego ndazi ko Yesu yapfiriye isi.” Mugabo ijambo “isi” si ikivunga c’abantu Yesu yapfiriye. Yapfiriye umwe umwe wese muri twebwe. Yaragupfiriye!
Download